BDUSAAlbinosBurundiDiaspora Organizationsfeatured diasporakirundi

#diaspora|ABC TEXAS ikangurira abarundi baba Texas kuja hamwe

Inyuma yo kuva mw’ishiahamwe BDUSA yarasanzwe aserukira mu ntara ya Texas, Innocent Ndayishimiye yaciye ashinga urunani ABC Texas mu ntumbero yuko abarundi boguma bari hamwe, bakanakorera hamwe.


Ihuriro ry’ama kominote y’abarundi baba mu ntara ya Texas rizwi kw’izina rya ABC Texas ryashinzwe na Innocent Ndayishimiye umwe mu bari batowe ngo aserukire intara yiwe mw’ishirahamwe ry’abarundi baba ku mugabane wa America BDUSA inyuma y’ikomborwa we yita ikumira muri BDUSA.
Inocent akamenyesha ko muri BDUSA yaserukira abarundi baba Texas, ataserukira BDUSA ku mvo zuko yari yatowe nabo atatowe n’iryo shirahamwe.
Mu kiganiro ndabivuge live c’umumenyeshamakuru yigenga Raphael Biko, innocent amenyesha ko imvo zatumye ashinga iryo shirahamwe ari uko yarafise ivyo anegura abarongozi, akagira vyinshi yashimye abarundi baba muri Texas.

Innocent akamenyesha ko ubwiye umurundi wese yifuza kuja hamwe n’abandi kugira bafashanye banitezimbere bashobora gukorana.
Abajijwe ko mu gihe ivyo yagaya muri BDUSA vyokemuka yoshobora gukorana nayo , yatanze inyishu itarimwo kwemera canke guhakana aho yerekana ko we atari intambamyi kandi ko BDUSA atiri intambamyi ahubwo ikibazo kiri ku mategeko atorohereza abanywanyi.

Abajijwe ivyo bamaze kurangura muri ABC Texas amenyesha ko bakiri mu ntango kandi bihutiye gushiraho amategeko, kandi ko biturutse ibihe turimwo bijanye n’ikiza ca COVID 19 vyatumye badatera intambwe ndende bizeye ko vuba bazoshika kuvyo bifuza.
Edward umwe mu ndongozi za BDUSA muri Texas akaba yagarutse kwijambo ryo kuja hamwe abaza Innocent ko ari nkahamwe BDUSA yoshika kuco yiyemeje mu kwegeranya abarundi bagashika ku migambi myiza yiyemeje ko yogaruka bagakutsa ikivi narirya nawe agishaka ko abarundi bojahamwe.
Innocent ntahigimanga mu kumwishura ko iciyumviro co kuja hamwe agifise, ni bashira ibintu ku murongo ko atampamvu bokorana canke bagakorana n’abandi bafiza gushira hamwe n’abarundi.
Mwomenya ko aya mashirahamwe ariko aravuka muri kino gihe ariko aza inyuma y’ibombora bombora ryavutse muri bamwe mu ndongozi za BDUSA biturutse kukutabona canke kudatahura kumwe amategeko.

Ibombori bombori uwurongoye BDUSA Sammuel Ndayiragije we abona ko riri ku musozo nayabandi bakabona ko ahubwo biriko birayangara.
Ko bose bahuriza ko umuti nyawo ari uwo kuja hamwe ivyo bibazo bizoherera he, bazoteba baje hamwe koko? Mushobora gutanga iciyumviro nk’intererano yanyu muri komanteri namwe mu kabaterera umuganda.

Indundi.com mu gista cayo Diaspora News ikazoguma ibashikiriza uko vyifashe ndetse nuko umuti w’ibibazo wifashe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 509