BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Gitega : Imyiteguro igeze ku rugero rushimishije

Mu gisagara ca Gitega ibibanza bitandukanye harimwo ivyibutso vy’uwiguze intahe yo kwikukira n’incungu ya demokarasi hamwe n’amabarabara biriko birasigwa.

Ivyo biriko birakorwa mu ntumbero yo kwitegurira ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu mushasha Général Major  Evariste Ndayishimiye aherutse gutorwa ku wa 20 Rusama 2020, ibirori bizoba aho bukera kuwa kane igenekerezo rya 18 Ruheshi ku kibuga c’ingoma kiri aho i Gitega, umurwa mukuru wa poritike.

Abakora ubuzi butandukanye kuri uwo murwa mukuru wa poritike bagizwe n’abafise uburaro, abashona impuzu n’abadandaza amarangi barashima kubonako ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu mushasha bizobera i Gitega kuko babona ko bazobukura mu cibo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764