BurundiEntertainmentkirundi

Amical des Musiciens ngo abayitwara ntibazi ivyo bakwiye gukora



Amajambo abandanya kuba menshi irya n’ino mu baririmvyi ndetse no mubakunzi b’umuziki ndundi aho bavuga ko ivyari bikwiye gukorwa n’ishirahamwe ry’abaririmvyi b’abarundi ata n’igice babonamwo.


Inyuma y’igihe kitari gito uwahoze arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi (Amical des Musiciens du Burundi) yarazwi nka Member ashengeye, ngo nta kintu kikigaragara mu basirwa b’uwo muhisi.

Bruno Simbavimbere amaze gushengera ngo nivyo abaririmvyi baca umwano vyarabuze gose.

Ayo ni amwe mu majambo anyuragiranwa mu bakurikiranira umuziki ndundi aho bemeza ko Kuva habaho gutandukana hagati y’abaririmvyi hakaba amashirahamwe abiri AMICAL na COOPERATIVE ata kigenda.

Hakuja imbere ibintu bigenda bisubira inyuma ibigaragaza ko ayo mashiramwe abiri ko arutwa n’igihe  ishirahamwe ryari rimwe rikiramutswa n’umuhisi.

Ngo iyaba ayo mashirahamwe aza kuba afise akamaro murizo mpande zompi atamyidogo iba yumvikana, ariko ngo aho umuziki woteye imbere usubira inyuma nk’ibirenge nayo abaririmvyi bakama mu mpari.

Tworangiza tubibubutsa ko mu kiganiro Indundi Hits Show abakuye bemeje ko ata bumwe n’urukundo mu baririmvyi bizikwigera bibaho mu gihe bagifise amashirahamwe abiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583