BurundiEntertainmentkirundi

Impari ku vyavuzwe ko Kirikou ariwe asigaye yicara ku ntebe yahorako Sat-B


Hamaze igihe kitari gito havugwa vugwa, ndetse n’abakunzi b’umuziki ndundi batarya umunwa ko Sat -B asa n’uwasubiye inyuma mu muziki.

Bizimana aboubakar Karum azwi nka Sat-B ariko avurwa cane ko yoba ariko atera igitensi c’inyuma mugihe amahirwe yegurirwa Akili.


Kuva mumwaka uheze hagiye haravugwa ko Sat-B asa nuwikwega cane mu gushikiriza ibikorwa bishasha abakunzi biwe, kumwe n’aba Empire Avenue label, bikumvukanira mu myidogo mwinshi cane.
Kurundi ruhande rwa  sindamuheba ba Sat -B ntibabona ibikorwa vyo tuma uwo bafata nk’umwana azwi nka Kirikou mu muryango Bantu Bowy yokwicara  kuriyo ntebe.


Aho twayaga na bamwe bamwe  mu kiganiro Indundi Hits Show barahakanye bararengwa bavuga ko, aho bigize Akili atazokwigera ashikira Sat-B , ngo ahubwo ikibitera nuko Sat-b ibikorwa vyiwe bikiri mu bubiko atarahitamwo kubisohora , akaba ariyo mpamvu atariko araboneka cane mu muziki ndundi.

Nubwo biruko ntaworeka kwemeza ko kirikou ariko arakora ibikora  inka kandi bishimwa abifashijwemwo na Big Fizzo na cane cane muri kino kiruhuko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583