BurundikirundiUncategorizedUrwevuyouth

Urwevu: Bivemwo ! Akagaye nta we kereye!

Isanamu ngereranyo y’umuntu ariko yiyumvira uko yobivamwo!

Kimwe mu vyihutira kwerekana umunyakagaye ni ukutabwirizwa. Ukudahanurwa!

AKAGAYE NTAWE KEREYE ! Iryo ni ijambo rimwe mu majambo aza ku mutwe w’agatabo kanditswe n’umukurambere, NAHAYO Firmato gasanzwe kandandazwa mu budandarizo bw’ibitabo nk’uko natwe ariho twagasanze.

Muri ako gatabo rero harimwo amajambo menshi akomeye yerekana ko umuntu afashe inzira y’ukugaya abandi ,akabaraba irarirari ,aheza kenshi nawe  ntagire amaherezo meza.

Ba Sokuru bati “Inkuru ivurwa n’uwoyibonye ntivuga n’uwayibwiwe”. Nkako,  ivyanditswe n’uwo mukurambere muri ako gatabo biraboneka ko atari  “inkuru mbarirano”

Muri ako gatabo, niho duheza kandi tukigira ibitari bike bijanye n’ibinyetso vy’iyo ngwara y’akagaye, ivyo na vyo bigaheza bikaba vyodufasha kwinengesera tukaza turihweza na twebwe inyifato zacu kuko, ushobora gusanga nawe uyigenda yamara utabizi.

Mu kindi  gitabo canditswe n’abitwa Pascal IDE hamwe na Luc ADRIAN, citwa ” Les 7 péchés capitaux” turaheza tukabona ko igicumuro c’ubwibone( Orgeuil) kiza ku  hejuru y’ibicumuro 7 batororokanije ko arivyo vyoba biza ku masonga mu bikunze kutunyundanyunda bigaduca iyoyondoyondo kuko mbere kenshi ngo bitwinyegezamwo tukabigendana tutabizi kurya kw’inda yinyegeza mu mpuzu yambaye ntabice n’ikanda.

Kimwe rero mu vyerekana ko umuntu agendeshwa n’ivyo binyamubiri vy’ubwibone, n’uko uheza ugasanga mu buzima bwiwe adaha ikibanza abandi bantu. Nya wayo araheza iyo yuguruye amaso  akabona we nyene gusa. Ni ho na ba SOKURU bavyise ” ubwibone”.

Eka mbere , ngo niyo bishitse akegera abandi bantu, ntaba abegereye kubera agaciro abaha, nyabuna ngo abegera kubera ko,  uko kubegera biheza bikamufasha ukwumva afise agaciro.

Tubihweje ku ruhande rwacu  dusanga abo bantu  ari ba bandi baba bashaka ko umwanya wose ubatera amashurwe, akaguha bino canke biriya wibaza ngo ni urukundo kumbe ashatse ko aronka uko agenda arabwira abantu ngo “naka nije ndamutunze”! Ntaco batanga kuri gusa. Ni nk’abadandaza.

Ikindi naco kandi baba bashaka ko ivyo avuze vyose uheza ugasatira, ugakoma amashi uti “ganza sabwa”. Mwene uyo muntu  niyo umukebuye agufata ko umututse. Aba ashaka  gusa kwumva ivyo we  nyene ybifuza. Iyo mugendana rero aba ashaka ko ubona ibintu  uko abibona,  uhirahiriye ukavuga ibitajanye n’ivyo ashaka araheza akagufata ko wamukengereye.

Ngo mwene uwo murwayi rero ntaheza ngo yumve ko yoba abayeho kubera abandi bantu. Ntiyumva ko yoba abayeho kugira agire ico yomarira abandi bantu. Eka kandi ngo ntiyumva ko yoba abayeho kugira agire ico amarira n’Umukama yamuremye. Nyabuna, ngo araheza  akumva ko abayeho kubera we nyene, kuko ” we nyene” aba yarabaye munini cane muri “we” gushika aho atoba hakigira ikindi kintu abona atari “we nyene”

Tuvyihweje rero ku ruhande rwacu, muzosanga  ari ba bantu bamiza akanwa hafi k’ugutyoza abandi. Bakihutira kubona ibigoye abandi kuko , mu kwerekana ibigoye abandi , biheza  bikababera uburyo bw’ukubona yuko bobo bashoboye. Uwo “we nyene” aba yaramubanye umusozi ku buryo , uburyo bwo nyene aba asigaranye kugira ngo abone hirya y’uwo musozi aba ar’ukurondera imigongo y’abandi bantu ahagararako kugira ngo ave muri ako kabande ka “we nyene” aba yaraguyemwo.

Yamara rero mwene abo bantu ngo ntibiruhira kuborohera. Ico kimuutuma kwama arondera , guhagarara ku migongo y’abandi bantu , kirarateba  kikamutuma guhagarara ahadasungarwa  , kw’isunzu ry’inuma, ayo akaba ari yo majo!

SOGUKURU yaricaye hasi arabitegereeeeza,  maze araheza atora agakoni asiga arivuze ati” AKAGAYE NTA WE KEREYE”!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 537