kirundi

Urwevu: Ihanure tugendere ubuntu . Ibishegu tubirekere ukubandwa.

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumviro ukuntu yobivamwo.

Mu Mvugo.

( Ibishegu, tureke ibe imvugo y’ibishegu nyene)

Ubuntu rero ni ka kantu dufise kadutandukanya n’ibikoko. Ka gasanamu Imana yadushiramwo kaduha ukuba nka yo, ukwigenza uko ishaka. Ubwo “buntu” nibwo nyene imiyaga bansi bacu iheza ikarondera kurandurana n’imizi muri twebwe kugira ngo nyabuna tugire akaranga n’agashusho k’imibiri , twifatanye nayo, iheze itubere abarongozi.

Iyo duhisemwo iyo nzira, ka gasanamu buntu karaheza kagahava kanyundanyundwa, kagahatirwa kwinjira mu bushake bw’imibiri, kagahotorwa n’urwire rw’ibishobisho binyigimba mu bibiri yacu, kagahotorwa, akajwi kako  k’ukugahunura kakanigirwa mu meshi, kakaba nk’akajwi kavugira kure mu bugararwa.

Iyo rero ibishobisho vy’imibiri yacu vyamabaze  kutubana abarongozi, duca dusigara twabaye nk’ingabo zitagira umutware. Duca tuba nk’inanga zivuza, imodokari itagira amafure. Iyo ibihuhusi bijanye, niyo duheza tukajana.

Iyo haje imiyaga ivuga iti “vuge ntya”! Turaheza tukavuga ntyo nyene. maze bimwe twakura akaranga katwigisha ko tutocisha mu kanwa tweho bikatubera ikiganiro, ugasanga abantu bafise ingo n’imiryango, yaba abari kuba abapgfasoni canke abari kuba abashingantahe baragandagaje aho bahurira ku mirimo bagaheza bakaba bariko bavuruga ibitavurwa, bakavuga ivyari ibinyegezwa, ivyari amabanga, ivyakorwa mw’ibinga bigaheza bikaza kuba ikiganuro, agatwengo kakaba kenshi…

N’uwo aba agifise ka gatima “buntu” ( conscience ) kakirebagana  iyo kamukebuye, araheza agaca yihutira kwidigadiga akavuga ngo ” ikibi si ukubivuga, ikibi ni ukubukora”. Abahinga bavuga bati, ukaba udashaka kuzoruhira gukora ikintu, wirinde ukuciyumvira na canecane ukukivuga.

Wa rutaro wanikiye ubumera, ntuzoreke inyoni ngo zirweko wizeye ngo uzozibuza kunoba. Haba na mba!  ukazireka zikarwako, zizoruhurira kunoba!

Uko bavuga ayamuhe, niko baraba uko uvyakira uko bikuryohera. ivyo wakira mu mvugo nivyo uzoruhira  kwakira mu ngiro ,kuko uko uhuza na bo niko utera usa nabo.

Ntavyo umenya, yamara   baza bariko  barakunyengetera, nka kurya kw’amazi aca musi y’uruhome, uruzitiro. Ureretswe ijisho, ejo ni bakubona agahe ahikinze agahumbezi, bizohava bibabera  nk’uguhenura gusa kuko baza baragusamburiyeko inzitiro mu buryo bw’impwemu, bukebuke, dogiri dogiri, utabiciye n’ikanda.

Kuri iyo nzira y’urudigidi, urudubi, rw’ibishobisho, harajaga cane rwose, gatoya , worokerayo. Yamara, umuntu agenda bukebuke, akaguma yiha ivyiyumviro bimushigikira( yisiga inkore ku maso) ,  ivyo atahora yemera( ses principes) agatangura kuvyemera, akazoza gutora akenge ar’uko  umutwe ushikiriwe agaheza akenyegera wese mu nyenga y’agaheza, mu rwondo rw’urudigidi.

VEYO BIGISHOBOKA!

LA DIGNITE !!!

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 456