BurundiDevelopmentdiaspora promotedkirundi

#diaspora| Imigambi nyamukuru izorangurirwa mu gihugu n’imvukira ziba mu mahanga

Ibitaro bikuru, kwiyubakira uburaro bwiza, kumwe n’uburimyi n’ubworozi ku buhinga bugezweho niyo migambi, ikanaba n’ihangiro ry’ abarundi baba hanze y’Uburundi(Diaspora Burundaise).

Japhet Legentil  Ndayishimiye akangurira zina murundi wese aba mu mahanga kutikumira kuko ishirahamwe ari irya bompi, nayo kuba mw’ishirahamwe ko atagahombo kabamwo, uwo  abazwa ishirahamwe ry’abarundi baba mu mahanga bompi agatanga ikaze ritavanguye kuri buri umw’ umwe no mukwemera kwiwe.

Logentil arakebura bamwe mu barundi bikumira bagashaka kwicishiriza ahabo ko bokwikubita agashi bakegera abandi kuko imigambi ya diaspora y’uburundi irashe kandi ko na Leta iyishigikiye, kandi initeguriye ku borohereza.

Uburundi ni umuvyeyi wa bompi, ni nkuko nyene na Diaspora ni umuvyeyi w’abarundi baba mu mahanga bompi,ntihakagire uwikuramwo, yaba abasangiye ivyiyumviro, amadini, n’abatavyumva kumwe, igikenewe ni kuba uri umurundi gusa.

Ingene Dispora ifise ubuserukizi mu bihugu vyose n’ibindi mushobora gukurikirana mu majwi aha musi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 513