BurundiEntertainmentkirundimusic

Masterland na Master Muziki iki nico bagiye gukorera abanya Rumonge

Inyuma yo gukora indirimbo yabahuje bose nk’umuryago  “Master Muzik”, bagiye kuryohera abakunzi b’umuziki bo mu Ntara ya Rumonge biciye mugiteramo Gonga Tour kikanazobandaniriza no muzindi ntara zigize igihugu.Umuririmvyi Masterland kuri Album imwe yise “EGO”amaze gushira ahabona, mu nyuma akaza araboneka mu biteramo  bitandukanye, ubu naho hagezweho igiteramo co kuri uwu wagatandatu igenekerezo rya 01 Myandagaro ahohazoba hariko haratorwa Miss wo mu Ntara ya Ngozi “Miss Kugasaka2020”. Uwo muririmvyi bikaboneka ko akunzwe cane muri iyo ntara kandi akaba akora ibikomeye mu gushimisha abakunzi biwe.

kw’igenekerezo rya 08 Myandagaro 2020, Masterland be n’umuryango Muster Muzik bagiye kuzoteramisha abanya Rumonge mu giteramo bitiriye Gonga Tour kuri Tourist Town Beach.

Igiteramo avuga ko kizobandanya no mu zindi ntara z’igihugu, ku makuru Indundi Magazine ifise avuga ko azoshobora kuzokorera muri zitandatu ariko atashimye kuzimenyesha kuko igihe kitaragera, agatera akamo abasanzwe bari hafi yo mu Rumonge ko boba baramwitegurira kuko n’amahera yokwinjira sikirenga  ikibanza gisazwe akaba ari ibihumbi 2,000 nayo muri kimwe bita VIP bikaba 5,000

Mwomenya ko inyuma yabasanzwe bagize uwo muryango “Arnovic,Momo Melody, Jadix,Chino-B na Masteland kizigenza wabo bongeyemwo n’abandi baririmvyi basanzwe baba mwiyo  Ntara  nka Msamalia Danielo,Tyga Briz,Bildays hamwe naba MC babiri Msaba na Juste Gaël.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 587