CAN2019featured sportInfrastructuresInkinointamba murugambaprimus ligueUncategorized

#Indundi Sports| les Amies| Abawigeze 5 nibo bahawe ibahasha na bagenzi babo

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 2 Myanadagaro 2020, isaha icenda (15h00) mu nzu y’ubunwero  Escotis iri mu Bwiza mu gisagara ca Bujumbura , niho umugwi “les Amies” uhurikiyemwo abakinyi ba kera babiciye bigacika mu myaka ya kera(Legend) bicara hamwe kugira bihweze ingene bazoshinga ishirahamwe ryabo, bakaba baranatanze n’agafashanyo  k’amafaranga kuri bamwe mu bawigeze ubuzima bwabo butifashe neza muri kino gihe.

Mu bakinyi batanu (5) bahawe ibahasha umwe umwe yaronse amafaranga ibihumbi ijana na mirongo itanu ( 15,0000)yo kwikenura .

Abo nabo akaba ari aba bakurikira :

1) Minani Walimeli yigeze gukinira Inter Fc
2) Budandaza yigeze gukinira Vital’o Fc
3) Yomana yigeze gukinira Maniema Fantastic
4) Atibu Kibunda yigeze gukinira Vital’o Fc
5) Barakamfitiye nawe nyene yigeze gukinira Vital’o Fc

Ico gikorwa kikaba kitazogarukira aho gusa kuko hari  n’abandi bazokurikira bivanye n’uko uburyo buzogenda buboneka igihe hazoba hamaze gushingwa Ishirahamwe bahurikiyemwo biciye mu mategeko .

Mwomenya ko abari bitabiriye ivyo bikorwa Atari abakinyi ba kera gusa harimwo n’umumenyereza Kanyenkore Jean Gilbert Yaounde , Umumenyeshamakuru w’insamirizi y’igihugu Tharcisse Tungabose , Prezida wa Vital’o Jamal Seifu , icegera c’uwutwara FFB Habimana David batazira marandura .

Abakinyi bakera nabo bari bitabiriye ico gikorwa akaba ari aba bakurikira

1) Gilbert Indele
2) Makasi Luyeye
3) Kalusha Pascal
4) Abdi Bernard
5) François Ngendabanka
6) Kepten Ally
7) Dominic
8) Shaban Diyou
9) Mbuyi Jean Marie
10) Rurakamvye Pierre clavier Honorable Abega
11)Juma Muzinga
12) Hitimana Ally Simba
13) Malik Jabir
14) Olivier Niyungeko

Ivyo n’ibindi vyinshi ni mu kiganiro aha munsi

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 181