kirundiSpirituality and progressUrwevu

Uvyemeye ugasanga si vyo ntaco uzohomba. None n’utavyemera ugasanga ni vyo naho?

Aha rero kw’isi vyotubera vyiza twamye tuzirikana ko turi mu rugendo rutujana ahandi; aho imishaha yacu izoba akaramata. Nico gituma rero uwaciye urwevu, aheza akama azirikana ivy’urwo rugendo uko bukeye uko bwije kuko kanatsinda nta kindi umuntu yari akwiye kwibaza atari iyo agiye.

Akanya tugehemuka hano kw’isi ni akanya kaduhawe ngo twitegure , dutegure ikibanza tuzobamwo hariya muri bwa bwami bushasha.

Muti umuntu yokwitegura gute?

Umuntu yobanza kumenya koko y’uko inyuma y’urupfu aha kw’isi, hari ibizokurikira .Aho umuntu ashikana utuso muri bibiliya arabona ivyandiko vyanditswe n’abo Imana yakoresheje bagenda biratanga umuco. Umve nka hano ivy’umutumwa Paul yandikiye bahebereyi” Ni uko rero, turengane inyigisho y’intangamarara ya Kristu kugira ngo dushikire inyigisho ishemeye tutarinze gusubira gushinga ishimikiro ari ryo nyigisho iraba iv’ukubatizwa n’ivy’ukugaranzura ibiganza , ivy’izuka ry’abapfuye  n’ivy’urubanza rw’imperuka ” ‘ (Hébreux 6:1-2).

Turabona rero ko hari  izuka ry’abapfuye kandi hakaba n’urubanza ruzocibwa. Uwaciye urwevu asanga vyobera vyiza umuntu ko yokwinanata akagerageza n’aho bitoroshe yamara akama yihatira kurondera ukubaho bijanye n’ivyanditswe muri bibiliya. Bishitse ukarwa, ukarondera uko wokwinanata ukavyuka kuko kanatsinda Imana yaturemye irazi intege zacu ko ari nke. Imana si Esprit iri ngaho ngo iduhane. Ni esprit ifise ukwitonda ikihanganira uwo wese ariko arinanata arondera kuyigana, eka mbere ikanamufata ukuboko.

Muti none umuntu agire nte?

Abapatiri n’aba Pasitori rero koko barama badutera akamo ngo hinduka, ariko, uwaciye urwevu yasanze ukubwira abantu ngo hinduka gusa bidashemeye. Harakenewe iyindi science , izindi nyigisho, iyindi mikenyuro , kuko iyo wamazwe kuganzwa, ivyakuganje biba vyarakwatse inguvu z’ugufata ingingo( le pouvoir de décision) ku buryo nawewe nyene ubona ivyo urimwo ariko ukubivamwo bikaguta ku w’amazi.

Ama psaumes nizo nguvu duhabwa kugira duhindure ibintu.

Aho uri hose no mu vyo urimwo vyose, urashoboye guhindura ukarondera mu nonga z’Imana. Tangura kuza urazirikana psaume 4, 27 na 61. Gutyo uzoba utanguye kwerekana ko udahimbawe n’ivyo urimwo urabamwo , uzoba werekanye mu buryo bw’impwemu aho ushaka kwibera. Uzoba werekanye ko ushaka kuzokwibera mu nzu y’Umukama imyaka yose( voir psaume 27) hama muri psaume 4 naho uzoba uriko urabwira ibinyamubiri ko ushaka kuyoboka umukama, ukugendera mu nzira yiwe,  nayo psaume 61 nayo uzoba uriko urasaba umukama kugira agusubize utuguvu tw’uguhaguruka ucagagure imigoze agomba kukubohera ku misozi y’ibisizimwe, bizoruhira kugutabagurirako umushawa wawe ngo uzowurengukane waracitse umushambara ata n’uwomanika jy rusenge!

Wewe uraza urazisoma uzizirikana kenshi , ivyo uzoba uriko urabwira vyovyo bizokwumva naho wewe utazomenya ko vyumva. Uzoheza uze urabona ihinduka bukebuke. Bizogenda birakinjura bukebuke uko uzoteba ukanyengeterwa n’izo zaburi. Hama uzobona ihinduka. Uzoronka inkomezi z’ukurwanya ivyaha bitari bike nk’ikubagana ry’umubiri haba ku bubatse canke abatubatse hamwe rero n’ibindi vyinshi uzobona biza kuko inguvu z’Umukama zizogenda zirafata ikibanza mu buzima bwawe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 462