Inkino

# Indundi Sports | Christiano Ronaldo yoba agiye gukina na Messi muri Fc Barcelona?

Kuva kera abakunzi b’inkino batandukanye bamye bipfuza kubona Christiano Ronaldo akina mu mugwi umwe  na Lionnel Messi .

Si abakunzi b’inkino bonyene bipfuza kubona Christiano Ronaldo na Messi bakina hamwe, nabo bakinyi nyene baravyipfuza ariko ntibaramenya igihe iyo ndoto yabo izoja mu ngiro .

Umusesanguzi mu bijanye n’inkino mu gihugu ca Espagne , Guillem balague yavuze ko hariho ibimenyetso bimaze imisi vyerekama ko umukinyi Christiano Ronaldo ashobora kwiyunga hamwe  na Lionnel Messi muri Fc Barcelona mw’ihiganwa rizokurikira .

Amakuru ava muri Juventus avuga ko umushahara Christiano Ronaldo ahembwa w’imiriyoni 28 zama Euro ushobora kubura ivyo bishobora kuba ikimenyetso cerekana ko yoca yerekeza muri Fc Barcelona.

Hari urukurukuru ruvuga ko  abarongoye  Fc Barcelona bariko biyumvira ingene bogura uwo mukinyi  muri kino gihe biboneka ko atamerewe neza muri Juventus .

Ni igihe kirekire Messi na Ronaldo berekana ko ari abakinyi bakomeye kw’isi yaba mu kibuga no hanze y’ikibuga Ku rundi ruhande bakaguma batatahukana imipira y’inzahabu .

Mwomenya ko Lionnel Messi afise imipira y’inzahabu 6 mugihe Christiano Ronaldo afise imipira y’inzahabu 5.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037