BurundiHealthhomepagekirundiMireille KAMI

Gitega |Abaganga b’abahinga nibo bitezwe i Kibuye

Ibitaro vyitiriwe umwizero  vy’i Kibuye mu ntara ya Gitega muri komine ya Bukirasazi (Hôpital Espoir de Kibuye) bigiye gusubira kwakira abahinga karuhariwe mu kuvura no kubaga amagufa.

Abaganga b’abahinga mu kuvura no kubaga amagufa (chirurgiens Orthopédistes) nibo bitezwe ku bitaro vy’i Kibuye mu ntara ya Gitega muri kuno kwezi kwa gatatu (Ntwarante) 2019. Abo baganga  bakazokorera ku bitaro vy’i kibuye kuva kw’igenekerezo ya 18 gushika kurya 22 Ntwarante uwu mwaka.

Ubuyobozi bw’ivyo bitaro bubicishije mw’itangazo ryashizweko umukono kw’igenekerezo rya 04 Ruhuhuma, ko imiryango yuguruye ku bifuza kw’isuzumisha, mu ntumbero yogutegura urutonde rwabazokwakirwa n’abo baganga. Bikazokogwa muri uku kwezi kwa 2, kabiri mu ndwi,  buri musi wa 1, n’uwa 4.

Mu mwaka w’1946 niho ivyo bitaro vy’i Kibuye vyashingwa n’isengero Eglise Méthodiste Libre du Burundi, bishirwa mu ntara ya Gitega, muri komine Bukirasazi. Vyabereye inyishu abanyagihugu yaba abo mu Kirimiro canke abo mu zindi Ntara kama z’igihugu baza babigana.

Mwomenya ko ivyo bitaro bifise abaganga b’abahinga  bagera kuri ba 5 bagizwe n’ umuganga w’amaso  (ophtalmologue), umuganga w’abana (pédiatre), umuganga akurikirana abavyeyi bibungenzwe (gynécologue), umuhinga mu vyo kubaga (chirurgien) hamwe n’umuganga avura abantu bakuze  (interniste), hakaba n’abandi baganga batanu bavura indwara zose (médecins généralistes).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764