Diasporadiaspora musicdiaspora music videoEntertainmentGospelkirundi

#gospel| Il Vino di Dio| Ab’ikunda bakayikundira haba namba ntaco bazobura

Kuninahaza no gutazira Imana ni kimwe mu bisabisho bikundwa kandi bihimbara umuremyi w’ijuru n’isi, igikorwa co kuririmbir’Imana gikorwa hifashijwe impwemu, uko umuntu akura niko impwemu ziwe zigenda ziyongera mu mahaha, nayo iyo umuntu  abuze impwemu aca asezera isi y’abazima.

Ishusho y'abaririmbiramana bagize umurwi Il Vino di Dio
Ishusho y’abaririmbiramana bagize umurwi Il Vino di Dio

Akenshi iyo tuja mu mirwi yo kuririmba no guhayagiza Imana ntituba tuzi ivyo turiko turakora, ariko uko tugenda dukura muri ico gikorwa niho tugenda dutahura koko ko turi mu gikorwa ca Mpwemu w’Imana.

Muri ico gihe haba intambara zidasanzwe kuko impwemu mbi zica zitangura kurwanya impwemu nziza zagufasha muri ico gisabisho gifise ububasha watanguye.

Mu kirundi bavuga ngo ubwiza buca mu kanwa, akanwa kacu iyo kari muri ico gisabisho karushirizaho kuba keza gusumba kuko ubwiza bw’Imana buba bufise ikibanza mu muntu.

Impwemu mbi rero benshi bakunze kwita(Dayimoni), ntiyigera narimwe ishaka ikibanza kibi, yama na ntaryo yironderera ikibanza ciza.  Ngaho aho ibitero biba bitanguriye kugira wewe wa mu kozi w’Imana wugare akanwa kawe ntusubire guhamagara izo mbaraga z’ubushozi n’uburinzi zigufasha gukura mu buryo bwa Mpwemu w’Imana bugatuma umutima wawe uba Mweranda.

Ngo “ahari umwenge haca umuyaga“, izo mpwemu mbi nta mbaraga zifise, ntizinarwana mu kwinjira mu muntu, ahuwo zishakira igihengeri kiri  muri we zikinjiranamwo maze zikarwirirana ku bwinshi, zikirukana ya mpwemu nziza hakaca haza ugusinzikara, ukuremba no kurwaragurika, maze ubuzima bw’umuntu bagaca busa n’uburiko burazimangana, abamubona ijambo ryama mu kanwanwa kabo ari ari “Yooh!!!! , akarushizaho gutera ikigongwe.

Ijambo ryo mu gitabo ceranda riravuga riti “Ahari Mpwemu w’IMana haba umwidegemvyo“, s’agaseseshwa rumuri akanyamuneza kaba kari mu ngoro y’Imana kubera abaririmbiramana baba bariko bahamagara iyo mpwemu y’ubushobozi kaba kibonekeza.

Kuberako turi abantu b’Impwemu y’ubushozi twokwirinda kuvuga canke gukora ikintu cose kibi cirukana Mpwemu w’Imana muri twibwe kikatwaka umwidegevyo tukaca tumera nk’ababoshwe, tukarangwa n’ubwoba, twebwe ubwacu  tugatangura kwankana ndetse no kwicana tukicana kubera za Mpwemu mbi ziba zikorera muri twebwe.

Tube bamwe mu baririmbira Imana nkuko umurwi w’urwaruka w’Abaririmbiramana uzwi kw’Izina rya “Il Vino di Dio” babishikiriza mu karirimbo gahimbaye ko gukegurukira Umuremyi ngo Abo ikunda bakayikundira haba namba ntaco bazobura.

None n’iki cotuma iyo mpwemu mbi itiganzira ubuzima bwacu ngo dusinzikare? Ngo ntakindi kiyirukana atari ugusenga bifadikanije n’ukwisonzesha”(Matayo: 17-21 )

None niryari twomenya ko iyo mpwemu mbi yatwinjiye? mu gihe uzi ko aka kanwa kacu gafise ububasha budasanzwe bwo kurema no kwatura bikaba, iyo rero twavuze ibiteye isoni, twebwe ubwacu tukifata ku munwa canke uwutumva akumva ibimaramare,eka n’igihe dukara ikintu tukunva ubwoba n’ibimaramare vyinshi, tugakebaguzwa turaba ko atawatubonye, mu gihe kandi umutima utera cane kubera ico turiko turakora kitwagiriza aho tuba twinjiranywe.

Imibiri yacu ngo n’ingora za Mutima iyo uri murico kintu cose kitari ciza kinyuranywe n’ico waremewe umutima ukumva utera, ya Mpwemu y’Imana iri muri wewe iba iriko iratekera y’igendera kuko uba uyirukanye, muri co gihe birakurusha cane gusubira kwubaka ubucuti ufitaniye n’uw’Iwiteka, kuko biza gusaba gusubira gusenga cane, kwisonzesha, kwiyanka no kwicisha bugufi imbere y’uwakuremye kugira akugarukanire iyoMpwemu y’ubushobozi.

Muhimbarwe n’iyi ndirimbo ya runo rwaruka rukengurukira Imana ya bashoboje iyo ruri mu mahanga, ibandanya ibana na rwo. 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 565