Burundikirundi

Education : Ngo nta mahirwe bagisigaranye yo kuzosubiramwo ikibazo

Kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 2 Nyakanga umwaka w’2020, inama Nshikiranganji yakoranye i Gitega ku murwa mukuru wa poritike irongowe n’umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, bakaba barabiye hamwe integuro z’amategeko atunganya ibikorwa vy’ubushikiranganji bugize Reta.

Muri iyo nama nshikiranganji bagarutse ku kibazo c’urwaruka rwo mu mashure nshingiro rwananiwe ikibazo ca Reta co mu mwaka w’icenda kibaha uburenganzira bwo kubandanya amashure yisumbuye, aho bamenyesha ko abakiyobewe ata mahirwe yandi basigaranye yo kugisubiramwo.

Umurwi ujejwe gukwiragiza mu bisata abanyeshure bakoze ibibazo vya Reta ukaba wamenyesheje ko abo banyeshure bayobewe bose bategerezwa kuzoca bajanwa mu mashure y’imyuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 499