Cutegroups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Iyo niyo mvo yatumye Bumamuru na Kayanza United zitsindwa impaga

 

Hari kuri uyu wa mbere w’igenekerezo rya 07 Nyakanga 2020, aho umunyamabanga w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Jérémie Manirakiza yatanga imvo yogutsindwa impaga Ku migwi ya Bumamuru na Kayanza United .

Imvo ni ukudashikana intonde z’abakinyi ku mwanya bahanjwe gukoreshwa ubuhinga bwa none bwitwa DTMS , iyo ikaba ari imwe mu mvo zatumye iyo migwi itsindwa impaga mu nkino z’indwi ya mbere ya Primus league .

Si iyo migwi yonyene yagize ikibazo c’abakinyi hari n’iyindi idakwije abakinyi kubera ico kibazo aho twovuga nka Vital’o Fc , Bs Dynamik , Royal Fc hamwe na Muzinga.

Mwomenya ko umusi wanyuma wo guhanahana abakinyi uzoba ari igenekerezo rya 28 muri uku kwezi kwa Nyakanga 2020.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 26