Burundihomepagekirundi

Abakuru b’ibihugu vy’Uburundi, Urwanda, Uganda, Congo na Angola bagiye guhurira I Goma

Abakuru b’ibihugu batanu baritezwe I Goma, muribo harimwo abakuru b’ibihugu barimwo Nyakubahwa Evariste Ndayishimiye, Paul Kagame, Yoweri K. Museveni, Felix Tshisekedi hamwe na Joao Lorenzo.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Goma Fleva abishikiriza, iyo nama ikaba izotangurirwa n’inama iyitegura izokorwa n’intumwa ziserukira abo bakuru b’ibihugu muri ico gisagara ca Goma.

Muri iyo nama ngo hazigirirwamwo ibintu 3, Amahoro n’umutekano mu Karere, kunagura ibikorwa vy’ubutunzi muri ivyo bihugu, kunagura imigenderanire y’ivyo bihugu na rirya 3 murivyo bisa n’ibifitanye ikibazo.

Gushika ubu hakaba hataramenyekana umusi nyezina w’iyo nama. H.E Paul Kagame mu kiganiro aheruka guha ikinyamakuru RBA  I Kigali yamenyesheje ko iyo nama ihari ariko bitoroha gutegura Inama nkiyo muri bino bihe vy’ikiza ca Corona Virus.

Iyo nama ikaba iteguwe mu gihe  abakuru b’ibihugu vy’Urwanda, Congo, Uganda na Angola bigeze gukora  ibiganiro bitari bike kugira babashe gutorera umuti ikibazo kiri hagati y’Urwanda n’ubuganda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764