BurundiDevelopmenthomepageyouth

Ikiringo co kwandika urwaruka rwahejeje amashure rwipfuza akazi congewe

Mu gihe igikorwa co kwandika urwaruka rwahejeje amashure rwipfuza akazi cari gitegekanijwe kurangira kuri uno wa mbere igenekerezo rya 14 Nyakanga 2020 igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ubushikiranganji bw’inwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano buhejeje kwongera ikiringo abatari bwashobore kwiyandikisha.

Bubicishije ku muvugizi wabwo, Petero Nkurikiye, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi hamwe n’umutekano bumenyesha ko bwasanze abaciyandikisha ari benshi cane mu gihe ikiringo bari batanze cari kirangiye, aho ngo gushika isaha zitandatu bari guhagarikirako ico gikorwa, urwaruka rugera ku bihumbi 188011, aribo bari bamaze kwandikwa yamara hakaba ngo hari hacibonekeza imirongo miremire y’abipfuza kwiyandikisha.

Ni muri iyo ntumbero ubwo bushikiranganji bwaciye bufata ingingo yo kwongera ikiringo ariko bukaba butamenyesheje ico kiringo bongeye ukuntu kingana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722