Burundikirundi

Volleyball| Imirwi ine yambere yamenyekanye

Inkino zo gukurakuranamwo mw’ihiganwa rya volleyball ku rwego rw’igihugu ryarabandanije mu mpera z’ino ndwi ku bibuga vya Gitega na Bujumbura mairie.


Imirwi yaronse uburenganzira bwo kuzokina inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe c’igihugu yaramaze kumenyekana .

Inkino z’igice ca kabiri zizokinwa ku wa gatandatu igenekerezo rya 26 Nyakanga 2020 ku kibuga vy’ubushikiranganji bw’inkino benshi bita département des sports .

kuri uwo munsi Amical izohura na Muzinga hama Gacosmos iheruka gusezerera Bisoro volleyball club ihure na Rukinzo. Imirwi izotsinda izoca ihura mu rukino rwa nyuma ku munsi w’imana igenekerezo rya 27 Nyakanga 2020 isaha zitanu n’igice.

Mwomenya ko kw’igenekerezo rya 26 Nyakanga kuri uyu wa gatandatu abigeme bazokurakuranamwo gushika baronke imirwi ibiri izokina urukino rwa nyuma .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 499