BurundiEntertainmentkirundi

Sat-B yoba yivuguruje kubwo kuremerwa n’amajambo ariko avurwa kuri Bain Turo

Amaririra ni meshi ku muririmvyi Bain Turo kuba yahagaritswe n’ubuyobozi yahoramwo, ivyo abatari bake bariko babibona nk’inkinamico bateguye kugira bahume amaso abakunzi b’umuziki ku bw’ikosa bakoze mugusohora amasana y’ibiterasoni yabonetsemwo uwo muririmvyi  arikumwe n’umwigeme Nice Sky .

Ivyo abatari bake bagiye bibaza ku muririmvyi Bain Turo vyoba bigiye kumubako, kuri uno wambere igenekerezo rya  05 gitugutu 2020,ubuyobozi ahurikiyemwo bashize ahabona itangazo ryo kumuhagarika mu muryango wa Empire Avenue aho baciye ku rubuga rusanzwe rukoresha n’uwomuryango bagize bati:

“ITANGAZO …ITANGAZO

Ubuyobozi bwa Empire Avenue bufashe kano karyo ngo bumenyeshe ko budashigikiye kandi bwaneguye igikorwa co gushira ahabona amashusho yo mu bwiherero yabonetsemwo umuririmvyi Bain Turo n’umukunzi wiwe. Kubw’ivyo turasaba umuntu wese canke ibimenyeshamakuru vyoba vyaragize uruhara mukuyasambaza, ko vyoyakurako mumaguru masha amategeko atarabakorako.

Kubera ivyakozwe biteye kubiri n’imico, Empire Avenue yipfuza kubaririmvyi bayo, tukaba tutabigizemwo uruhara, dushimye guhagarika umuririmvyi Bain Turo, ibikorwa navyo yari yararanguye bikazoguma mu minwe yacu. Twipfuza gukorana n’urwaruka rubera umuco abandi kugira tubashe gushika ku ndoto zo guteza imbere igihugu cacu. Murakoze.
Mwomenya kw’ivyo bibaye inyuma yaho habonekeye isamamu y’ibiterasoni barimwo n’umwigeme Nice Sky yavurwa ko atagitangaje kirimwo  kuva babonye iyo sanamu kuberako atari ubwa mbere ahubwo uwo mwigeme yavugwako ingeso y’ubusambanyi n’abaririmvyi nubwo wewe yabihakana ahubwo bigiye ahabona.
Ikindi nuko abakunzi b’umuziki bariko bavuga kwarukubaruhisha kuko babibona kwari nka show biz yakozwe bayikorana ubujuju burenze gutyo biboneke ko ubuyobozi aherereyemwo bitabunezereje munyuma asabe ikigorwe abone kugaruka mu muryango Empire Avenue bitaboneka ko yarashigikiwe.
Aho bakabivuga babonye uwosazwe arongoye uwomuryango ariwe Sat-B, aho yabandanya abashira ahabona ku buga avuga ko ari couple igezweho bitumvikana uko yoza munyuma gusohora ibihano ngo yoba yabonye abakunzi babakuyeko icizere ku bwiyo sanamu y’ibiterasoni.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583