BurundiEntertainmentkirundi

Bain Turo asaba Empire Avenue ko yomubikira imbuga ziwe ntibazomugirire nabi nk’abandi

Bain Turo n’amarira menshi yasavye imbabazi Abarundi bose n’umuryango yahoramwo ko bomugirira imbabazi kuvyamubayeko.

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 07 Gitugutu 2020,umuririmvyi Bain Turo yasavye imbabazi abarundi bose abicishije mukiganiro Changamka Show gisazwe gikoreshwa n’umumenyeshamakuru Vivance.

Bain Turo n’amarira menshi kwi radio ati :«Ico nosaba Empire Avenue nibatangirira ikigorwe basi bazosubize imbuga zanje zose nahora nkoresha kugira shobore kubandanya nigwanako ntibazongire nk’abandi nk’uko tubimenyereye kubibona. »

Umumenyeshamakuru yagerageje kumubaza ico umuryango yahoramwo wahomvye kuba waramwirukanye benico wewe  yahovye akaba yishuye avuga ko ico umuryango yahoramwo wahomvye atokimenye nayo kuriwe ngo ahovye ibintu vyinshi kuko n’inyuma y’akazi k’umuziki bamufasha vyinshi mubuzima busazwe bari nk’abavyeyi biwe, mwomenya ko wewe asanzwe ari impfumvyi.

Ikindi mwomenya ko n’umwigeme Nice sky nawe yagaragaye muriyo sanamu y’ibiterasoni barikumwe nawe yasavye  imbabazi kubantu bose boba barababajwe n’ivyamubayeko atavyipfuza. Akongera agasaba gusubira kumwizera kuko ivyo mumwibazako canke mumwagiriza inyuma y’ukubona irya sanamu ko atarivyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583