homepagekirundiMiss EricaWorld News

Daniel Cousin ashobora gutanga imihoho muri les Panthetre

Umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu wa Gabon Les panthéres Daniel Cousin umwanya n’umwanya ashobora gutanga imihoho.

Icotuma Daniel Cousin w’imyaka 42 atanga imihoho n’uko kuvaho ashikiriye mu mugwi nserukira gihugu wa Gabon ata masezerano arahabwa canke ngo ahabwe n’umushahara,nkuko bimenyeshwa na jeune afrique .

Ivyo bishobora kubera inyungu zikomeye umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba witeze kwakira igihugu ca Gabon mu kwezi kwa Ntwarante igenekerezo rya 22 hano Ibujumbura.

Rukazoba ari mu rukino rwo kurondera itike yo gukina mu gikombe ca CAN 2019 izobera muri Misiri. Hampande y’uyo mumenyereza ashobora gutanga imihoho umwanya uwariwe wose, Umukinyi wabo akomeye akina muri Arsenal Pierre Emerick Aubameyang ashobora nawe kutaboneka mururwo rukino kuko yasavye ko abatwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Gabon botanga imihiho mur’ayo mabanga.

Aubameyang avuga ko badatanze imihoho muri ayo mabanga adashobora kuboneka mu mugwi nserukira gihugu. Mukamenya ko gushika n’ubu abajejwe ishirahamwe ry’umupira w’ amaguru muri Gabon bataratanga imihoho iyo nayo ikaba ariyo ntandaro ikomeye yatumye atanaboneka mu nkino ziheruka z’umugwi nserukira gihugu wa les Panthéres .

Daniel Cousin akaba yigeze kuba icegera ca Kizeigenza w’umugwi nserukira gihugu wa Gabon, Mu nkino 55 yakiniye umugwi nserukira gihugu wa Gabon yatsinze ibitsindo 11.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755