Burundigroups-at-messagekirundi_SportsSport

Rallye Ngozi igiye gusubira guhuza abantu

Inyuma y’igihe kitari gito abakunzi ba rally batayikurikirana kubera covid , abajejwe amahiganwa y’urwo rukino bahejeje kumenyesha ko izokinwa hagati y’igenekerezo rya 5 na 6 Kigarama 2020.

Ngozi niyo izokwakira iryo higanwa ririndiranywe igishika n’abakunzi baryo bava mu mihingo yose .

Abahinga muvy’ubutunzi bemeza ko iyo intara yakiriye iryo higanwa ubutunzi muri ako karere bwiyongera kubera ko ba mukerarugendo biyongera cane eka n’urudandazwa rurisununura aho yabereye.

Rudi canthanede , Bukera Valery , Giancarlo Davite ,Momo roshanali , Remezo Christian, Uwamahoro Desiré Aimable ,Awan din n’abandi nibamwe mu bakinyi baboneka kenshi muri ayo mahiganwa aho ntitwokwibagira Academy le Messager rallye team na New oil rally team n’izindi zibica bigacika .
Indundi ikaba yifuriza club automobile du Burundi imyiteguro myiza .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 548