BurundiEducationhomepagekirundi

Abacamanza bahamagarirwa guhana bivuye inyuma abarezi bagoba izo baragiye

Abajejwe ubutungane basabwa guhana hisunzwe amategeko abarezi bagoba izo baragiye. Abavyeyi nabo bahamagarirwa kubera abana babo akarorero keza mu nyifato, imico n’imigenzo.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yateye ako kamo kuri uyu wa mbere muri komine Mpanda intara ya Bubanza. Hari mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umwigeme.

Umushikiranganji ajejwe gufatana mu nda yerekanye ibiriko birakorwa kugira umwana w’umwigeme yubahirizwe nk’itegeko rihana abashurashuza imiyabaga gushika ku munyororo w’imyaka 25. Buramatari w’iyo ntara we yahamagariye abavyeyi, abarezi n’abajejwe intwaro kwama hafi y’imiyabaga bayiha impanuro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764