Inkino

#Indundi Sports|Saido Ntibazonkiza yahawe izina rishasha muri Tanzania

Inyuma yo gutsinda igitsindo Taifa Stars wa Tanzania ku musi w’Imana , umukinyi Saido Ntibazonkiza yahavuye agurwa n’umugwi Yang Africans uri mu gisagara ca Dar es Salaam .

Saido Ntibazonkiza akaba yashize umukono ku masezerano yo gukunira umugwi yang Africans mu kiringo c’umwaka n’igice.

Inyuma yo gushira umukono ku masezerano yo gukinira Yang Africans bamwe mu bakunzi b’uwo mugwi batanguye kumuha amazina , izina rimwe ngo ni Antibiotik , abandi ngo ni umwicanyi kubera ariwe yishe Tanzania mu gutsinda igitsindo ciza cane .

Mwomenya ko Saido Ntibazonkiza azotangura gukina mu kwezi kwa Munyonyo igenekerezo rya 15 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037