homepagekirundi

Christiano na Messi ntibagihuriye i Juve mu rukino rwobahuje

Cristiano Ronaldo na Lionel Messi bari barindiranywe igishika cinshi n’abatari bake ntibagihuye kandi mu rukino rw’umupira w’amaguru rwobahuje mu mpera za kuno kwezi.

Urwo rukino rwobahurije ku kibuga c’umupira w’amaguru kiri mu Butariyano i Juve, rukaba rwobaye kuri uyu wa 28/10, mu nkino za Champions League.

Imvo n’imvano y’ukutagikinye mu rukino rumwe, s’uko urwo rukino rwasibijwe naho bishobora gushika, ahubwo nuko urwo Cristiano yatoweko ca Kiza ca Corona Virus kigize imisi kigisibije.

Iyo nkuru ikaba yatangajwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Espagne aho uwo mukinyi agize imisi ari kubera inkino zitandukanye agize igihe akina mu mugwi nserukiragihugu wa Portugal. Iyo ikaba rero yari inkuru y’umubabaro cane.

Uwo mukinyi akaba yaciye atuma umugwi nserukiragihugu wa Portugal wose upimwa ngo hamenyekane ko ata wundi mukinyi yoba nawe agwaye, ubona ko Cristiano ata n’ikimenyetso na kimwe yarafise nkuko amakuru dukesha Goal abishikiriza.

Urwo rukino ruzohuza Juventus na FC Barcelona rukaba rurindiranywe igishaka cinshi, kuko abo bakinyi uko ari babiri bataheruka guhurira ku kibuga kimwe c’umupira w’amaguru, kuva aho Cristiano aviriye muri Real Madrid.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755