BurundiAkes DoncultureEntertainmenthomepagekirundiMusaga

Indirimbo “Isi n’icumbi” yasubiwemwo kubera ifise ubutumwa bukenewe

Ubutumwa burashe, ubutumwa bukenewe muri kino gihe, niyo mvo nyamukuru yatumye umurwi” Umuduli Band” usubiramwo indirimbo yo mu myaka ya mirongo icenda, “Isi n’icumbi”.


Bagasaba gutahura ko atamvo n’imwe yotuma twankana gushika aho twicana kandi amaherezo yacu tuzopfa tugasiga ivyo bintu vyose Bituma twokwicana.

Indirimbo Isi n’ icumbi gushika muri kino gihe turacabaza umuhinga yayanditse kuko n’abagiye bayiririmba benshi bagiye bazira indirimbo nkizo zifise ubutumwa bw’amahoro.

Kwirinda ikintu cose cotuma twicana kandi twese tuzopfa nibwo butumwa umurwi “Umuduli Band” washatse gushikiriza abarundi co kimwe n’abumva ikirindi.

Alexandre avugira uwo murwi akamenyesha ko indirimbo zirimwo ubutumwa butandukanye arizo ziriko zirakorwa zikazosohoka vuba cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 777