homepage

Mt Number one ati sat-b yakoze ibikora inka

Mt Number avuga ko atari ku rugezo rw’ugusaba gukorana na Sat-b indirimbo ku buntu.

Yaba Sat-b, yaba mt Number one ngo nta numwe akiri ku rwego rwo gukorera canke gukoresha umuntu ku buntu mu bikorwa vy’umuziki bariko barakora. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Mt number one ubwiwe mu kiyago yagiranye na Indundi magazine.

Muri ico kiganiro, Mt Number one yemeza ko yatanze amafaranga kugira Sat-b yemere ko bakorana ico gikorwa. Akavuga ko ata kibazo yabibonyemwo kuko Sat-b nawe atari ku rwego rwo gukorera ubuntu.

Mt Number one akavuga kandi ko indirimbo aho igeze ari heza cane, mbere ngo na zimwe mu mboneshakure zo mu karere zimaze kuyerekana.

Iyo ndirimbo yamutwaye amafaranga arenga imiliyoni 5 kugira bashe kuyikora, avuga ko aho igeze ahashima, ngo ni buke buke kandi yizeye izokora vyiza gusumba, Views 33,000 mu misi mike imaze isohotse.

Mwokwibuka ko Mt Number one agishika i Bujumbura yavugiye ku mboneshakure BETV ko hari indirimbo agiye gushira ahabona ashobora kuzoba yakoranye n’igihangange ca hano iwacu. Ariko akaba atari yavuze uwariwe

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686