AgricultureBurundihomepagekirundi

Agriculture: Abarundi benshi ngo ntibazi imbuto nziza ingene zimeze

Ivyo ni ibishikirizwa na Richard Hatungimana arongoye urunani rw’abagwizambuto bo mu Burundi mu ruganda urwo runani rwatunganije ku bagwizambuto hamwe n’abarimyi mu ntumbero yo kubakaburira gukorana hagati yabo mu gihe usanga hari abarimyi batazi aho bokura izo mbuto zirobanuye.

Hatungimana amenyesha kandi ko mu masoko atandukanye hibonekeza imbuto zitarobanuye, arizo ziheza ntizitange umwimbu mwiza.                              

Uwo murongozi asaba Reta ko yoshigikira abagwizambuto mu kumenyesha abarimyi ahari imbuto nziza, yongere ikurikirane akaranga k’imbuto zishirwa mu masoko.

Urwo ruganda rwatangujwe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 10 Munyonyo 2020 i Bujumbura aho rwari rwahuje abarwizambuto n’abarimyi bo mu ntara zitanu arizo Bujumbura, Bubanza, Cibitoke, Muramvya na Rumonge ngo rugiye kubandanyirizwa no mu zindi ntara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765