BurundiDevelopmentEconomyhomepagekirundi

Karusi : Abanyonyeza amahera y’amakoperative Sangwe ngo bagiye guhagurukirwa

«Abagirizwa kunyonyeza amahera y’amakoperative Sangwe mu burere bumwe bumwe mu ntara ya Karusi ntawobihanganira kuko bariko basubiza inyuma iterambera ry’abanyagihugu».

Umukuru w’inama nshingamateka aheruka kubishikiriza i Karusi mu ntango y’ino ndwi, inyuma y’aho uwujejwe gukurikirana ibikorwa vy’ayo makoperative muri iyo ntara ashikirije ko zimwe mu ntambamyi ayo makoperative yagize harimwo abihagiye amahera baguranwe na Reta, abandi barayigurana.

Serges Ndayisenga yashikirije ko hari n’amakoperative ataratangura gukora muri zone yose kubera iyo mvo. Amenyesha kandi ko agiye gushikiriza icegeranyo cerekana uko buri koperative yifashe.

Inkomoko : Radio Isanganiro

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769