BurundikirundiUrwevu

Urwevu: Abantu bose bokwigenza nkawe, ubona isi yokongereza agaciro?

 

isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uko yobivamwo

Abahinga mu kwiyumvira bo muri kahise, aha tugafatira nko k’uwitwa Emmanuel Kant yava mu gihugu c’Ubudagi, “ubuntu” ngo ni aka kantu gatuma umuntu mu buntu bwiwe atandukana n’ibindi biremwa atari muntu.

Kamwe mu tubirya tugize umuntu rero , ni ubu bushobozi afise bw’uguhitamwo ubuzima yifuza kubaho , yishimikije inkingi ( principes) y’ivyo yita ko ari vyiza, ivyo navyo akabifata ntyo afatiye ku bimukikije, yaba ibimutegekwa aho abaye , ariko rero na canecane ivyo we nyene yitegeka. Kuko ni ivyo nyene umuntu yitegeka biheza bikamugira ico ari muri kameremere yiwe “runtu.”

Aho nyene rero y’ivyo yitegeka niho haca hajamwo ubushobozi afise bw’ugushobora kubona ibikwiye, yishimikije izo  inkingi ziwe.

Ariko nyene naho nyene harimwo akabazo gaca kaza kubaza gati none koko n’inkingi iyahe( principe) umuntu yoheza akishimikiza kugira aheza amenye ko ivyo akora bihuye n’uko koko yari ategerezwa kwigenza muri kameremere kiwe ”runtu”?

Aha uwu muhinga mu kwiyumvira, Emmanuel Kandi niwe yahavuye agatanga iciyimviro cahavuye kiza kuba rurangiranwa , bise ” Règle d’or”.

Ico ciyumviro kiza kivuga giti” Kugira umenye ko inyifato uriko uragira ari nziza, gira inyifato nawe, wewe nyene, ubona ko ryoba nk’itegeko mpuzamakungu kuri kiremwa cose. N’ukuvuga ko mugihe cose uriko urondera inyifato wogira , wokwamiza ku muzirikanyi ko uriko urakora ikintu koko, n’uwoca ategeka abantu bose kw’isi ati igenze gutyo vyoheza bi

Ivyo vyose biraheza bikaza guhura n’iki ciyumviro rero tubona mu  bitabo bitagatifu vyose bitagatifu biguma bigarukako.

NTUKAGIRIRE MUGENZAWE ICO NAWE UTIFUZA KO YOKUGIRIRA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 501