homepage

Umurundi yari yagizwe umucakara -Esclave- mu bufaransa yahavuye arekurwa

Methode yari yagizwe umucakara imyaka 10 mu bufaransa, amaze amezi 4 akuwe muri ubwo buroko yari yashizwemwo n’abarundi benewabo bari bamukuye ku gatumba bamusaba kuja kubarerera umwana, Ivyahavuye bimuviramwo amabi atagira izina.

Methode sindayigaya n’umurundi abarizwa mu gihugu c’Ubufaransa, uyu akaba avuga ko amazeyo imyaka cumi ari mu buzima bw’ubucarakara, mu gisagara ca Paris.

Amakuru dukesha ikinyamakuru France Inter avuga ko uwo mugabo w’imyaka 38, yashitse muri ico gihugu mu mwaka wa 2008 aho yabwiwe ko ajanywe kurera umwana afise ikibazo c’ubumuga. Uwo mwaka akaba yari yabwiwe ko azomurera mu kiringo c’amezi 3 gusa.

Muri ico kiringo yari yabwiwe ko arera uwo mwana ngo yari kurihwa amafaranga angana n’300,000 vy’amarundi. Akaba yavyemeye kuko ngo yaharura ivyo azoca aguriramwo, umuryango wiwe w’abana 2 n’umugore, kuko ngo vyari bimugoye kubaho ku gatumba iwabo.

Bugingo ashitse mu bufaransa ngo yaciye yakwa igitabo c’inzira, Passport, noneho atangura ubuzima bw’ugukora adahembwa, ataruhuka atanaronka n’utw’afungura naho ariwe yari ajejwe kurondera ivyo bafungura.

” Bangize umugurano wabo, bankoresheje ntaruhuka, imisi indwi ku ndwi, guhera mu gitondo isaha cumi na zibiri gushika isaha indwi y’ijoro, ata gahembo mpabwa. Bankoresheje batampa ibifungurwa.
Narabatekera, ariko ntibangaburire.”

” Nta burenganzira nari mfise bwo kuryaman, naho naba ndushe gose. Bambwira ko ata burenganzira mfise bwo kuruhuka mu gihe ntaraheza akazi. Barankankamira. Bantegeka kubafukamira mu kubaramutsa. Bambwira ko ni ntakora ngo bazohamagara igipolisi.

Haheze amezi 4, uwo mugabo akuwe mu nzu bari bamufungiyemwo i Paris mu bufaransa. Uyo akaba yarokowe n’umubanyi hamwe n’umwubatsi bahavuye bamubona, babona uburyo yonze kandi adashobora kuvuga, noneho babibwira igipolisi, naco kibona kumura muri ubwo buroko. Hari igenekerezo rua 12/7 nkuko bishikirizwa n’ico kinyamakuru, mu kwezi kw’9 umuryango wiwe warumusanze mu bufaransa.

Nkuko bibandanya bishikirizwa n’ico kinyamakuru ngo Methode avuga ko uwamuteye ayo mabi yose ari umuryango w’abarundi basanzwe baba muri ico gihugu. Ico kinyamakuru kikavuga ko uwo muryango umugabo asanzwe akorera UNESCO, nayo umugore ngo akaba ari umwamikazi -Princesse- mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Mukamenya ko uwo muryango ngo ritari ribaye irya 1 wagirizwa ico caha, kuko ubwa mbere nkuko ico kinyamakuru kibandanya kibishikiriza ngo atahavuye yagirwa n’icaha kuko amatego ngo atarakaze ku caha nkico. Ariko kuva mu mwaka wa 2013 itegeko mpanavyaha kuri ico caha rihinduka ngo bashobora guhanishwa umunyororo w’imyaka 10 n’ihadabu ry’ 10,000,000 z’amafaranga y’amanyaburaya, yababa 30,000,000,000 z’amafaranga y’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686