Inkino

Abarundi 7 bakina muri Djibouti bahuriye mu kibuga harimwo Tambwe Amissi

Abakinyi baciye mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba bashika kuri 7 bose bahuriye mu rukino rw’ihiganwa rya Djibouti rwagomba rubahuze.

Umukinyi wa mbere ni Umusatirizi Tambwe Amissi yakoze amateka adasanzwe hano mu gihugu ari kumwe na Vital’o Fc , Aigle Noir ndetse no muri Tanzania mu mugwi Simba Sc hamwe na Yang Africans muri kino gihe abarizwa mu gihugu ca Djibouti mu mugwi w’igiporisi ca Djibouti ( Police).

Umukinyi agira kabiri ni Umunyegori Arakaza Marc Arthur yari asanzwe akina mu mugwi Lusaka Dynamos yo muri Zambia yigeze gukora amateka arikumwe n’intamba mu rugamba mu kuyishikana ubwa mbere muri CHAN , hamwe no gufasha Vital’o gutwara ibikombe muri kino gihe nawe nyene akina muri Police Fc .

Uwugira gatatu ni Kaze Gilbert Demunga uyo nawe ni umukinyi w’inyuma wa kera wa Vital’o Fc , 11 Africain , Nile Olympic afasha n’intamba gukina CHAN ubwa mbere nawe nyene yari asanzwe akina muri uwo mugwi Police Fc mbere bikavurwa y’uko ariwe yagize uruhara runini kugira azane bagenzi biwe muri uwo mugwi.

– Uwugira kane ni Umunyegori Nzokira Jeff yigeze gufasha Intamba Cadet gutwara igikombe ca CECAFA mu mwaka wa 2002 , Ndetse arafasha Vital’o Fc gutahukana ibikombe bitari bike nawe nyene yari asanzwe akina mw’ihiganwa rya Djibouti imyaka itari mike muro kino gihe asamira Djibouti Telecom.

– Uwugira 5 ni Haruna barazira Lucio yigeze gukinira Imigwi ya Inter Star hamwe na Flambeau de l’est akaba yigeze gukinira n’intamba mu rugamba muri kino gihe nawe nyene yari asanzwe akina muri Djibouti mu mugwi Djibouti Telecom.

– Uwugira 6 ni Ndikumana Landry uyo nawe yaguzwe mu kwezi guheze avuye muri Rukinzo Fc , amaze gukinira imigwi ya Inter Star , Vital’o Fc , Union Sportig , Kayanze United muri kino gihe akina muri Djibouti Telecom.

– Uwugira 7 ni Ntirwaza Sudi umukinyi wo hagati yakiniye Imigwi ya Inter Star hamwe na Musongati Fc tutibagiye n’intamba mu rugamba z’abakiri bato nawe nyene asanzwe akina Djibouti Telecom .

Mwomenya y’uko Urukino rero rwahuje Imigwi yabo bakinyi b’abarundi ariyo Police Na Djibouti Telecom yarangiye iyo migwi inganije igitsindo 1-1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037