BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundi

Amafaranga yofashishijwe umuhisi Karim babel haranugwanugwa ico agiye gukoreshwa

Amafaranga arenga imiliyoni 70 z’amafaranga ya hano iwacu yari yatororokanijwe ngo afashe umuhisi Karim Babel kwivuza ingwara yahavuye imutwara, ngo ayo mafaranga ashobora guhabwa abantu batishoboye nabo bafise ikibazo c’ukwivuza.

Ku musi w’ejo, nukuvuga ku musi wa gatanu mu masaha y’umugoroba, niho habasha kuja gusabwa amafaranga yari muri Compte ibarizwa muri CRDB. Ayo mafaranga akaba yari ku compte y’uwo muhisi nyene, kuko yari yagenewe kuja kuuvuza.

Ariko nkuko amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera Buja Hit Tv, ngo ivyari vyajanye uwo muryango w’umuhisi karim Babel hamwe n’abafashije uwo muryango kwegeranya ubwo buryo ngo ntivyahavuye bikorwa, kuko hari impapuro babatumye kugira bikunde babashe kuyakurako. Bakaba ngo bahawe isango ry’uno musi wa gatandatu.

Ayo mafaranga akaba agiye gusabwa mu gihe abantu batandukanye bari bagize imisi babaza ico ayo mafaranga azohava akoreshwa, kuko uwo yari yagenewe yamaze kwitaba Imana. Bamwe bakaba basaba ko aja gufashishwa abandi bafise ibibazo vy’ukubura uburyo bwo kwivuza, abandi bakabona ko yarakwiye gufashishwa umwana asigwa n’umuhisi Karim Babel.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776