BurundiEntertainmentkirundi

Gaga Blue mw’isura nshasha mu muziki Ndundi inyuma y’ibihe vy’amakuba

Inyuma yaho Umuririmvyi Gaga Blue agiriye ikibazo akabura umuhagarikizi w’ibikorwa vyiwe ariwe Jay Cena canke Life Maisha yarasanzwe arongoye Record Label yise U&I Studio yarisanzwe irimwo Gaga Blue; K-Muco ndetse n’a TNC.


Ubu Gaga Blue yemeza ko agiye gusubira mubikorwa naho ngo bitari bimworoheye.

Gaga Blue yemeza ko Abarundi bamenye ikibazo cari kihari hagati yabari basanzwe bari muri uwomuryango nyene wa U&I Studio, na Canecane Dj Fanny asanzwe ari Umu Dj ndetse n’Umumenyeshamakuru arongoye DF Tv nawe yarasanzwe ahagarariye ibikorwa vya U&I Studio.
Umuhisi Life MAISHA (Jay Cena) akaba yarasanzwe ari iyo arangurira ibikorwa vy’ubuzima bwa misi nyonse mu gihugu ca USA (Amerika).

Gaga Blue agira ati:

“Inyuma y’Amatati y’abasanzwe bakurikirana U&I Studio muri kano kanya yo kugarura ivyuma vyari vyarigaruriwe n’uwahoze ari muri uwo muryango, Gaga Blue ngiye gusubira mu bikorwa ndetse Nshiremwo Intege kuko Umuryango Twasigiwe na N’Umuremyi Jay Cena Tugomba kuwufata nkama ugakomera ndetse n’ibikorwa vya Gaga Blue bigasubira kuboneka nkuko vyahoze Imbere y’uko umuhisi yitaba umuremyi*
*Aho rero vuba bwango ngomba gutangura gusohora ibikorwa bishasha mu mwaka mu shasha n’isura nshasha.”

Aho tworangiza tubibutsa ko Ivyuma vyari mubutungane ubu vyegukira U&I Studio canke umuryango w’umuhisi aho bari bategekanya gushira ahabona Insamirizi bise Muziki Fm imbere y’uko Jay Cena (Life Maisha) yitaba umuremyi.

Mbega wewe nk’umukuzi w’umuziki Ndundi wakiriye gute igaruka kurubuga rya Gaga Blue?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583