Uncategorized

B Face yitanze umuco ku bibaza ko kuja mu Kayanza gufasha abana yaragiye kwiyerekana gusa

 

B Face ngo nta worindira kuronka amafaranag emnshi kugira aje kugira uwo afashije, ariko ngo n’ugufasha muri ubwo buryo buke umuntu aba afise, kuko urindire ngo wohava usanga urinze usandaba atawe ufashije.

Ayo majambo B Face aheruka kuyavugira mu kiganiro Call Celebrities aho bariko bamubaza kuco abantu bamwe bibajije aho yakubitira mu ntara ya Kayanza, aho yasangiye n’abana bagize umurwi wa Kayanza Kids.

Muri ico kiganiro yahaye Lee Marvin,  uwo muririmvyi yavuze ko ivyo yatwaye bitamusavye ama Miliyoni, ngo yaragiye barateka barasangira anabashira impunzu n’utundi dukoresho two kwifashisha. Ariko ngo ntiyibagiye kubashira I radio kuko ngo nk’abatamvyi, insamirizi ni ngirakamaro cane.

Uwo mwanditsi w’indirimbo zitari nke yanahavuye aboneraho n’akaryo ko kuvuga ku ndirimbo nshasha yise Insolite buca ija ahabona, iyo ngo izoshirwa ahabona Vuba. Iyo ndirimbo nkuko yabiyagiye bagenzi bacu ba Buki Moon Tv ngo izoba ifise iminota 8.

Ivy’ugusohora indirimbo ndende akaba yaheruka kubikora aho yashira ahabona indirimbo yise Ibiri ku mutima 5. Nkiyo nyene, uwo muririmvyi avuga ko azovuga ibintu bitangaje vyabaye muri uno muziki muri uno mwaka wa 2020, ariko kandi ngo n’ibisanzwe biba mu buzima busanzwe navyo birimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55