BurundiBusinessEconomyhomepagekirundi

Ishirahamwe Lumitel ryagirizwa kwiba Regideso umuyagankuba

Ishirahamwe rijejwe gukwiragiza umuyagankuba n’amazi mu benegihugu Regideso riheruka guhura n’ibibazo vy’ukwibwa umuyagankuba ufise igiciro c’amafaranga arenga imiriyoni 25 z’amarundi.

Ni muri komine Ntahangwa, zone kamenge, karitiye Kavumu kw’ibarabara rya kane ahasanzwe hari anteni y’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Lumitel, aho basanze haciye amezi arenga icumi iyo anteni ikoresha umuyagankuba itariha ku mamashini ikoresha.

Ubwo bunyonyezi bwabaye mu gukoresha amanyanga mu guteranya intsinga z’iyo anteni hamwe n’iz’ishirahamwe Regideso maze umuyagankuba ukinjira “direct” utarinze guca muri “compteur” yashizweho na Regideso.

Amaze kuvyumva, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Regideso Jean Albert Manigomba yaciye ahishikira araraba iryo bara aranatangazwa n’iyo ngendo igayitse ikorwa n’ishirahamwe rikomeye cane aha mu Burundi nka Lumitel.

Yaboneyeho guhamagarira abenegihugu kwama na ntaryo bamenyesha ahantu hose babonye ubusuma nk’ubwo kuko baba bariko bariba abenegihugu ubwabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766