Inkino

Coupe de l’unité: Flambeau du centre na Rukinzo nizo zigiye gukina urukino rwa nyuma

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Nzero 2021, niho rya higanwa ry’igikombe c’ubumwe ryari ryabandanije mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

I Gitega, umugwi w’igiporisi c’uburundi Rukinzo wari wahuye na Olympic Star birangira Rukinzo yirahiye Olympic Star igitsindo 1-0, mugihe mu Ruyigi Aigle Noir yari yahuye na Flambeau du Centre nabo nyene urukino rurangira Flambeau du centre yirahiye Aigle Noir igitsindo 1-0.

Flambeau du Centre na Rukinzo nizo zizokina urukino rwa nyuma rwa Finale bivugwa y’uko ruzoba mu kwezi kwa Ruhuhuma ariko amagenekerezo akaba ataramenyekana.

Mwomenya y’uko iyo migwi isanzwe ikurikirana ku rutonde rw’imigwi iri mu bibanza vya mbere muri Primus league aho Flambeau du Centre ariyo ifata ikibanza ca mbere igakurikirwa na Rukinzo Fc ariko yose ikaba inganya amanota ifise amanota 35.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037