BDUSABurundiDiasporadiaspora music video

# Diaspora News : Abarundi bari muri America bubatse amashure y’abana b’impfuvyi

Ishure ry’abana babuze abavyeyi babo bakiri bato ryitwa Halaqah School niryo ryuguruwe n’ishirahamwe ry’abarundi baba muri Reta zunze ubumwe za America.

Halaqah school ikaba ari mu gisagara ca Bujumbura muri Quaritie Buterere .

Umwe muba nywanyi bari muri iryo shirahamwe ryitwa Kiswahili Halaqah asanzwe aba muri reta zunze ubumwe bwa America Hakizimana Moussa batazira Moji yararonse akanya ko kwishikira mu Burundi mu ntumbero yo kwugurura ayo mashure .

Aganira na Indundi Tv Hakizimana Moussa Moji yavuze ko bahisemwo kwugurura ayo mashure yo gufasha abana b’impfuvyi mu Burundi kubera ko abana benshi kera bize nk’abana b’impfuvyi ndetse baranasubira bibuka ko igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu vyaciye mu ntambara abavyeyi benshi bitavye Imana hariho n’abana benshi Imana yahaye ubwenge ariko babura ingene biga nikwo guca bahitamwo kubafata mumugongo.

 

Indundi TV tukaba tugiye kurondera uwusanzwe arongoye iryo shirahamwe Kiswahili Halaqah kugira aduhe umuco kuvyerekeye ayo mashure n’uburyi bwabatwaye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 306