EconomyBusinesshomepagekirundi

Uwundi muntu yaraye afashwe amaze igihe akoresha umuyagankuba atariha

Inyuma y’aho hafatiwe ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Lumitel rimaze imisi kuri anteni yaryo iri mu Kamenge imaze igihe kitari gito ikoresha umuyagankuba ku mamashini yayo itariha (soma nk’aha uko vyagenze ( 👉https://indundi.com/2021/01/26/ishirahamwe-lumitel-ryagirizwa-kwiba-regideso-umuyagankuba/), uwundi muntu aba muri karitiye ya Ngagara ya 6 bloc 14 nawe yaraye afashwe yakoze nk’uko iryo shirahamwe Lumitel ryari ryakoze.

Kuri uwo muhana, ishirahamwe rihejejwe gukwiragiza amatara n’amazi mu banyagihugu Regideso ryasanze nyeneho yafatanije intsinga z’umuyagankuba ukinjira directe udaciye muri konteri eka n’amazi ngo akaba yari amaze igihe atayariha.

Iryo shirahamwe rikaba ryasanze nyen’urwo rugo aharurwako hafi amafaranga y’amarundi angana n’umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana indwi (1.700.000Fbu), muri yo ibihumbi amajana icenda na mirongo irindwi (970.000Fbu) ni ivy’umuyagankuba mugihe ifagitire y’amazi nayo ingana n’ibihumbi amajana indwi na mirongo itanu na bibiri n’amajana umunani na mirongo itanu n’abiri (752.852Fbu).

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Regideso Jean Albert Manigomba yishikiye ahabereye ubwo busuma yasubiye guhamagarira abantu bose kubungabunga amazi n’umuyagankuba kuko ari itunga ry’abenegihugu anabahamagarira kwama bamenyesha Regideso abantu bose bazoba babonye bariko banyonora itunga ryabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758