Burundikirundi

Gitega :Hadutse umuriro ahakorera Buja fm .

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya mbere Ruhuhuma mu gisagara hagati i Gitega ahasanzwe hakorera insamirizi Buja fm muri iyo ntara hadutse umuriro ariko Imana yakinze igiporisi kijejwe gukinga no gutabara kikaba cahaserutse hakiri kare nk’uko vyemezwa n’abari muri ico kibanza aho bita kwa Kodja.


Inkomoko y’uwo mucanwa ngo ni umuriro wavuye kucuma bita poste à souder mu kinyamazuru bica bituma hasha.

Uwaringaho hahiye yabwiye Indundi Magazine ko hahiye ivyuma gusa.

Abanywanyi biyo nsamirizi bakaba bababajwe n’ivyashikiwe n’iyo radiyo nshasha muri iyo ntara kuko yabateramisha cane mbere bayihurumbira.

Mu buyobozi bw’iyo nsamirizi baremeza iyo nkuru bakaba bariko bariga ukungene bazosubiriza ivyuma vyononekaye kugira abakunzi ba Buja fm ishami ry’i Gitega bayumve nk’uko vyahora narirya itari bwamare n’indwi isamirana muri iyo ntara.

Tumwekwase Franck arongoye Buja fm arahumuriza abakunzi b’iyo nsamirizi ikunzwe cane akabamenyesha ko igiye gusubira gusamirana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 499