footballkirundiSport

# Indundi Sports | Hagiye gutanganywa igikombe citiriwe Umuhisi Petero Nkurunziza

 

 

kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 31 Nzero 2021, mu ntara ya Gitega, iooshirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryari  ryatunganije inama ya bose yahuje abaserukira Imigwi ndetse n’amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu ntara zose.

 

Iyo nama ikaba yari yatunganijwe mu ntumbero yo kwihweza ingene iryo shirahamwe ryakoze mu mwaka wa 2020.

Nyakubahwa Honorable Reverien arongoye FFB mu vyo yashimye akaba ari ingene umwaka wa 2020 wagenze naho hari  ivyo batigeze bashikako kubera ikiza Covid -19.

Muri iyo nama ya bose  Honorable Reverien asanzwe arongoye FFB yarashoboye kuvuga ko bagiye kwiga ingene hotunganywa igikombe citiriwe Umuhisi Petero Nkurunziza yahoze ari Umukuru w’igihugu c’Uburundi mu ntumbero yo kwibuka ibikorwa yagiye ararangura kugira ateze umupira w’amaguru mu Burundi.

Mwomenya ko ku ntwaro y’umuhisi Petero Nkurunziza Uburundi bwashoboye gukina ubwa mbere amahiganwa ya CHAN hamwe CAN ku bakuze ndetse n’abakiri bato tutibagiye no kwubaka ibibuga bitari bike mu gihugu.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 604