CooperationDiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedkirundi

Diaspora isaba abashingamateka b’i Buraya kwishikira mu Burundi

Yabaye inkuru y’agacamugongo ku barundi baba mu mahanga ndetse n’abari i Burundi, biturutse kw’ikete ryasohowe n’abashingamateka 43 bo ku mugabane wa Buraya (Union européenne) barega igihugu c’Uburundi ko kitubahiriza agateka ka zina muntu.

Ivyo tubisanga mw’ikete abarundi bahurikiye mu mashirahamwe y’ababa mu mahanga, haba abari ku mu gabane wa Bulaya, Amerika,Africa, Asia n’ahandi bandikiye umukuru w’inama nkenguzamateka igizwe n’ibihugu vya Bulaya David Sassoli.

Iryo kete ryandikiwe i Norvege ryarungikiwe kandi n’uwuserikira imigenderanire y’ubumwe bwa Bulaya n’ayandi Makungu Mr Joseph Borrell , umukuru w’igihugu c’Uburundi Evaliste Ndayishimiye, uwoserukira ubumwe bwa Africa Felix Tchisekedi, n’abandi.
Diaspora y’uburundi igahumuriza ubumwe bwa Buraya ko igihugu nubwo caciye mu bihe bigambaraye muri kino gitekanye ko intumwa ziyo diaspora ziguma zikurakuranwa mu gihugu haba mu bikorwa vyo gufasha n’ibindi, bakanasaba abashingamateka b’ubumwe bwa Buraya kwishikira mu gihugu bakaraba ubudasa bw’ivyo bahabwa mu vyegeranyo.
Bakaba banakengurutse cane ahubwo akigoro ka Leta y ‘Uburundi mu kuganira n’Ubumwe bwa Buraya uko bosubira gufashanya.

Mwokwibuka kandi ko abo barundi bariko baritegura kuza mu gihugu ari benshi cane aho bazoba baje mu ndwi yabahariwe izobera hano i Bujumbura mu kwezi kw’indwi ndetse bakazovaho banakoze amatora ashiraho indongozi nshasha zabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 480