BurundiBuja FilmsEntertainmentIndundi Cinemakirundi

Mutima le Comédien ati:”By by Isi Nasezeye ivyayo.”

Minani Fleury Niyo mazina yahawe n’abavyeyi, benshi mukaba mumuzi kw’izina rya Mutima le Comédien,
arangwa n’udukuru dutwenza hirya no hino mu biteramo bitandukanye yagiye abonekamwo, na cane cane arikumwe n’igihangange mu muziki ndundi Big fizzo.


Uretse ko Mutima yakundwa n’abo yateramishije no muburyo bw’amafaranga vyaramwinjiririza, haba mu gukora ivyo kwamamaza, no kumenyekenasha ibidandazwa, n’ibindi.

Nkuko twama tubikorera abakunzi ba Indundi Magazine, twama tubabwira uko ubuzima bw’abanyabuhinga n’ubumenyi vyifashe, tumaze kubona ifoto yiwe yemeza kwazobari mu giteramo c’urusengero.
Twahavuye twakura Mutima kugira tumubaze ko batoba bakoresheje i shusho yiwe atabizi.

Indundi Magazine :”Bit Mutima hari igiteramo twabonye watumiwemwo kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma?

Mutima: ”Ego cane naratumiwe.”
Indundi Magazine:”Kuva ryari usigaye utumirwa
mubikorane vyurusengero?”

Mutima:”Hari umuntu yashingiye intahe ituma nosubira mu nzu kwa Data kuko nihonakuye niyo mpano nabaye burwe ubu navyutse nshaka gukorera Imana.”

Indundi Magazine :N’akahe karusho umaze kubona kuvaho utanguye gukorera Imana?”

Mutima:”Ubu ndi icaremwe gisha mfise n’ivyizigiro vya kazoza.”
Indundi Magazine:”Impano yawe yo gutwenza irayihagaritse?”

Mutima:”Oya Ngiye kubandanya ntwenza Abantu ndabicishije mw’ijambo Ry’Imana.”

Mutima: n’akahe kajambo wobwira abahora bagukurikirana?”

Mutima:”Nobamenyesha ko isi iriko irashirana n’ivyipfuzo vyayo, Kandi vuba ndi mugutanguza ikiganiro cubutumwa bwiza kizoza kirarengana kuri TV indundi.”

Twarangije tumushimira kukiyago twagiranye rwongera tubashimira namwe mudahengeshanya kudukurikirana,uturorero twari twinshi twabaririmvyi baheba bakaja gukorera Imana ariko uyu ngumu comédien wambere atanze akarorero.
Mbega ivya Mutima bigiye guhererahe?

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590