BasketballkirundiSport

#Kern yaraye ifashe ikibanza ca mbere

Mw’ishirahamwe rya basket-ball i Bujumbura ihiganwa ryarabandanije ku munsi waryo wa cumi na kane ku kibuga Toyota Gikungu .

 

Inkino zatanguye kw’igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2021 kuri ico kibuga nyene umurwi wa Dynamo urikumwe n’umukinyi Richard Bienvenue Ndikuriyo watsinze Gymkhana 123 kuri 52, muri ayo manota uwo mukinyi yinjijemwo 30. Mu rundi rukino Mutanga United yirahiye Aigle noir 107 kuri 78 biboneka ko aigle noir yamaze kumenyera gusatira naho yinjijwe amanota 30 n’a Derrick Bitigirimbango ikinjizwa 28 n’a Clark ba Mutanga United .

Iryo higanwa ryarabandanije ku w’Imana aho umurwi w’imvubu utorohewe mu rukino rwawuhuje na Kern bikaba vyarangiye Kern ya Ninziza Alvin itsinze imvubu Les hyppos ku manota 67 kuri 57 bica bituma Kern ufata ikibanza ca mbere mu gihe imvubu zo zagumanye ikibanza ca gatatu . Alvin yinjijemwo 28 .

Haciye hakurikira urukino rwa nyuma rw’uwo munsi hagati ya Muzinga n’a New Stars bikaba vyarangiye New Stars itsinze abasirikare ku manota 95 kuri 77 . Muri Ayo manota kizigenza wa New stars Gael Forestier Nijimbere yatsinzemwo 23 mu gihe Sokoroza Francis yeretse benshi ko akirimwo akaba yafashije umurwi wiwe mu kuwinjiriza amanota 22 muri urwo rukino ivyatumye New stars iva mu kibanza ca gatandatu isimbira mu ca gatanu.

Ukwo urutonde rwifashe vy’imfatakibanza mw’ishirahamwe rya basketball i Bujumbura :

1.Kern
2.Urunani
3.Les hyppos
4.Dynamo
5. New stars
6. Muzinga
7. Gymkhana
8. Mutanga United
9. Aigle noir

What's your reaction?

Related Posts

1 of 470