Entertainmentkirundi

Agashavu n’imyidogo kuri Kidumu n’abaririmvyi bagenziwe vyoba biriko biva kuki?

Ntawubiyobewe ko hariho ikiza kibica bigacika mw’isi nzima kizwi kwizina rya Corona.

Mu bihugu bitandukanye ubuzi nka bwose ntibugikorwa ku mpamvu zico kiza.
Amasengero ,amashure ububare…..n’ibindi vyarugawe aho bituma abantu benshi bidoga ko basigaye bugarijwe n’ubukene bwokora amakara bugata

Kutegerana ,gukaraba amaboko kenshi gashoboka,kwambara udufukamunwa, nivyo na Leta y’Uburundi ihamagarira uwuba ku butaka bwayo wese.

Ivyo bikaba bitabuza ko imirimo ya misi yose iranguka bitandukanye nkuko mu bindi bihugu vyifashe.

Hakaba harafashwe yuko Ahantu hose hahurira abantu benshi nkahakorerwa ama karaoke, inzu z’ubutambiro hugarwa.

Ivyo bikaba bitaryoheye abaririmvyi nka Kidumu aho bigaragarira mu majambo yashoboye gushikiriza biboneka ko yatwawe n’agashavu, aho avuga ko abaririmvyi boba bagereranywa n’Imbwa.
Uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi wewe yaratakamvye asaba  babugururire ibiteramo.” Kaka Boney nawe nyene arataka atakamba basubizwe ku murimo wabo wa misi yose. Akaba atari abo gusa kuko no mu bandi baririmvyi harangwa imyidogo myinshi muri kino gihe.

Bamwe bati: Mbega ni twebwe gusa twofatirwa ingingo
Ko ikibazo cokwegerana atari mu ba ririmvyi n’abakunzi b’umuziki gusa?
Mu masoko baregerana, mumasengero baregerana, mu bibuga vy’inkino nikwo kwukwo.
No mu bundi buzi nka bwose abantu baba begeranye.

Bakaba bariko bitakambira ko ubukene bubarembeje nabo botunganirizwa bagasubira ku kivi.

 

Bandanya mukurikirana Indundi Magazine, iriho kubwanyu inyishu y’ibibazo vyabo muzoyimenyera ngaha mugire ahomuba mubahwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550