BurundiEnvironnementhomepagekirundi

Jimmy Hatungimana : “Naho tubitera ntitwibagire kubikurikirana”

Umushikiranganji w’ubutungane Jeanine Nibizi hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Jimmy Hatungimana bahamagarira ubushikiranganji bwose guterera agacumu k’ubumwe mu mugambi “Ewe Burundi urambaye”.

Babishikirije kuri uyu wa kane waraye uheze, igenekerezo rya 11 Ntwarante 2021 mu bikorwa vyo gutera imisuna ku nkengera z’uruzi Mpimba hamwe n’ama grevellia mu ndimiro ziri iruhande y’urwo ruzi. Ico gikorwa kikaba cari catunganijwe na Parike nkuru ya Bujumbura hamwe n’ishirahamwe AJAP.

Jeanine Nibizi akaba yamenyesheje ko uruzi Mpimba biboneka ko ruriko rubangamira inkengera zarwo, mu musi iza naho rukaba ruzoshobora kubangamira imirima irukikuje ndetse n’amazu y’ibohero rikuru rya Mpimba.

Akaba yibukije akamaro k’igiti mu gukingira izo nkombe, mu gukingira inkukura, mu gutanga akayaga kadufasha guhema neza hamwe no mu kurwanya ihindagurika ry’ibihe.

Amenyesha ko gutera ibiti mu mugambi “Ewe Burundi urambaye” ari igokorwa kiraba ubushikiranganji bwose.

Ku ruhande rwiwe, Jimmy Hatungimana arongoye igisagara ca Bujumbura asaba abenegihugu gukurikirana ibiti biba vyatewe agira ati : “Naho dutera ibi biti, tubigire ivyacu. Tubibagarire, bibaye ngombwa tunabivomere n’amazi kuko tutabigize uko, imisi yose twokwama muri vyabindi dutera ibiti bidakura.”

Ivyo biti vyatewe bikaba vyari vyatanzwe n’ishirahamwe, “ça nous concerne tous” rirongowe n’umwe mu rwaruka rwihaye intumbero yo gukingira ibidukikije, Jadot Nkurunziza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764