Burundihomepagekirundi

Imyaka 27 inyuma y’igandagurwa rya Cyprien Ntaryamira.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evaliste Ndayishimiye, kumwe na Leta Mvyeyi bashize ingori z ‘amashurwe bongera bunamira uwigeze kurongora i gihugu Prezida Ntaryamira.

Kuri uwu wa kabiri igenekerezo ryo 06 Ndamukiza niho abarundi bifadikanije n’umuryango w’Umuhisi Nyenicubahiro Cyprien NTARYAMIRA, kumwe n’abo barikumwe mu kwibuka imyaka 27 ihaciye bagandaguriwe mu gihugu c’Urwanda.

Ibirori vyo kumwibuka bikaba vyatanguriwe n’inkuka yimisa yahererejwe kuri Cathédrale Regina Mundi i Bujumbura . Iyo nkuka yitabwe na ba nyenicubahiro batandukanye muri Leta nkozi, leta mvyeyi, barongowe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu kumwe n’Umutambukanyi wiwe.

Umwepisikopi yahereje inkuka ya misa akaba yashimangiye kw’ijambo ry’Amahoro n’Urukundo bitangwa na Yezu Christu, aho ya menyesheje ko cari naco gikorwa nyamukuru Prezida Ciprien Ntaryamira yaharanira.

Inyuma y’imisa ivyo birori bikaba vyabandanyirije ku Ntatemwa y’uwo muhisi iri hagati mu gisagara ca Bujumbura, aho benshi bazi nko kwa Ndadaye, hakaba ari naho haciye havugirwa ivyaranze ubuzima bwa nyakwigendera.

Ivyo birori bikaba vyasozerewe n’ishirwa ry’ingori z ‘amashurwe ku ntatemwa ya nyakwigendera kumwe n’abo barikumwe.

Mwokwibuka ko cyprien ntaryamira yagandaguriwe i kanombe i kigali, kw’i genekerezo rya 06 Ndamukiza mu 1994 aho yari ari kumwe na mugenziwe Havyarimana w ‘igihugu c ‘Urwanda, kumwe n’abashikiranganji biwe babiri Bernard Ciza w ‘iterambere ry’ama komine, n’uwo kumenyeshamakuru Cyriaque SIMBIZI.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764