AgricultureBurundiEconomyhomepagekirundi

Iryavuzwe buca ritaha, za ntete z’ibigori zigiye kugurwa 680 ikiro

Nk’uko bwari buheruka kubishikiriza, ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije ngo buca bushira mu ngiro ingingo yo kugura ikiro c’intete z’ibigori amafaranga 680 ku kiro mu gihugu cose.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru i Bujumbura kuri uno w’Imana igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2021, Emmanuel Ndorimana umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji amenyesha ko uburyo bwategekanijwe kuzogura uwo mwimbu buza bwaramaze gushika ku makonte, igurwa ry’izo ntete rikazokorerwa ku mirwa mikuru y’amakomine yose agize igihugu.

Emmanuel Ndorimana avuga kandi ko ico gikogwa kizoba gihagarariwe n’abajejwe intwaro n’umutekano, akabasaba ko imbere y’uko icogikorwa co kugura izo ntete gitangura hosuzumwa iminzani bazokosha ko ikora neza, nayo ku barimyi bazoshora intete abasaba kuzoshora izagosowe neza kandi zumye zitanabunzwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767