IKIRUNDI_news

Rayvanny aseseye agafu Harmonize mu kuvuga ko yashatse kurya inkoko n’amagi yayo

Mw’isezerano rya kera ku basanzwe bemera Bibiliya, hari ahavuga ko ukwihora birekuwe, bati n’ijisho ku rindi, na Rayvanny nawe nivyo yaraye akoze ku rubuga rwiwe rwa Instagram aho yamenye amabanga ya Harmonize n’uwahoze ari umukunzi wiwe Paula, umwana w’umugore yaragize imisi asohokana na Harmonize nyene.

Mu Majambo yanditse, uwo muririmvyi yamenyesheje ko Harmonize atigeze ahazwa na Kajala noneho ashima gushaka kujaniranya n’umwana, ariko uwo mwigeme ngo ntiyamukundiye nkuko yabandanije avyandika.

Muri ubwo butumwa yanditse, Rayvanny yavuze ko Harmonize yarungikiye Paula amashusho yiwe ari gusa ngo bikune uwo mwigeme amukundire yemere kubana nawe mu rukundo rw’ikinyegero ata wundi abizi.

Uwo muririmvyi abarizwa muri Wasafi yakoze mu nkovu Harmonize mugenziwe, mu kumwibutsa ko ashengezwa mu butungane ngo yagerageje guhamagara abantu bose bakomeye bazinanye ngo bikunde agire ibibazo, akibaza uno musi uko bizohava bigenda imbere y’abo bantu yagerageje guterefona.

Ubwo butumwa ntibwaje bwonyene, kuko n’ivyiswe ivyemezo, ubutumwa bivugwa ko ari ubwa Harmonize yarungikiye Paula, nabwo bwahavuye busohorwa, aho aboneka asaba ko bogendana mu kinyegero.

Ubwo butumwa bwasohowe na Rayvanny bwahavuye bushira ku mugaragaro ivyavugirwa mu ntamatama kw’itandukana rya Kajala na Harmonize. Hamwe n’imvo z’urugendo rwa Kajala n’umwana wiwe I Dubai aho bagiye kuryoherwa.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe Harmonize nawe yaheruka gushira ahabona ishusho y’uwo muryango batandukanye aho yavuga ko atazopfa yibagiye ibihe vyiza babanyemwo.

Aha mukibuka ko Harmonize yaheruka kuvana n’umugore wiwe bagiranye ubugeni, Sarah, mbere n’ibijanye n’ukugabura ivyo batunze ngo bikaba bigeze kure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036