IKIRUNDI_news

Ibitigiri vy’abarondera Monna Walda bibandanya vyiyongera

Monna walda niwe aheruka gutsindira ikibanza ca mbere mu bandi batari bake bariko bavugwa n’abafana ba Ado Josan mu kibanza c’ama Storie muri ino ndwi twaraye turangije.

Uwo mwigeme azwi cane nka Mow Kanzie akaba yahiswemwo ngo abe ariwe azoba umukunzi wa Ado Josan nkuko uwo musore yari yasavye abakunzi b’ibikorwa vyiwe ngo bamubwire umwigeme babona boberana.

Ivyo bikaba vyabaye inyuma yaho umwe mubo twari twabashikirije mu misi iheze ko ariko ashaka gutsindira urukundo rwa Monna akinjuriye mu kuvuga ko yariko arikinira mu kubivuga. Uwo nawe s’uyundi ni Marembo abarizwa ku mugabane wa Buraya.

Ariko uwundi we, Wiz Designer, akaba urugamba arurembeje, mu kubandanya yegenyeza n’amajambo aryohera ugutwi abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Monna we akaba gushika ubu ataco arabivugako, uretse ico aheruka gushikiriza kuri Storie y’urubuga rwa Instagram asanzwe akoresha, aho yishuye uwitwa Bestof257 ko atazi n’ico yategerezwa kwishura ku kibazo c’ugusohokana n’uwo muririmvyi Ado Josan asanzwe abarizwa ku mugabane wa Buraya.

Ariko naho biruko, uwo muririmvyi Ado Josan we ngo akaba yanditse ku rubuga rwa Instagram ko uwo muririmvyikazi nubwo atomusubiza kuco abafana basavye, ngo azotuma akoresha amajambo yiwe, ngo vyanse aririmbe HMM, imwe yakorana na Big Fizzo.

Mwomenya ko abo bose batanguye kugira ico bashikiriza ku gushaka ko basohokana inyuma yaho bimenyekaniye ko uwari umukunzi wiwe yamweretse ubworo bw’ikirenge, aho hari mu kiganiro na Siren Vibe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037